Kaze ku rubuga agahogo.com : agahogo, umuziki, ivyese, abaririmvyi, n’ibindi

Inanga, kuririmba, imvyino, amayaya, ivyese, ingoma…, ayo ni amajambo menshi y’ikirundi yerekana ko ari ubu canke kera cane abarundi bamye bikora mu gahogo kanatsinda twayasanzeho kandi nta nkeka tuzoyasigaho.

Urubuga “agahogo.com” ni iki?

Urubuga “agahogo.com”(dusome agahogo akaburungu kome) ni igikoresho gishasha kije gufasha, ari abaririmvyi, abavuga ivyese, abakunda indirimbo, abatamba, abakora indirimbo(producers), abajejwe ivy’akaranga kumenya ibigezweho mu buhinga, mu makuru ajanye n’ibikorwa vy’abahinga(abo kera twita abanyatugenegene ariko ubu twahinduye dusigaye twita abahinga kubera iyo mvugo ya mbere wamengo ni iyo kubatesha agaciro), n’ibindi vyinshi bishoboka.

Kwikora mu gahogo, si ukuririmba gusa

Haba namba. Abavyina, abavuga ivyese, abivuga amazina ndetse n’abavuga amajambo y’imanza bose bakoresha agahogo kandi ibikorwa vyabo si ivy’uwariwe wese ni ivy’umuhinga nyene. Ari naco gituma urubuga “agahogo.com” atawe ruzokumira muri abo bahinga bose. Ninaco gituma kandi dusavye abavyiyumvamwo bose bafise ivyese banditse bakabura aho bavyerekanira kutwandikira muciye aha kugira tuvugane ingene vyokwandikwa kuri uru rubuga rwacu agahogo.com.

Agahogo, ego, ariko ni ak’abarundi canke ka bose?

Abazungu baza mu Burundi(no muri Afrika muri rusangi) nta nkeka biyumvira ko(canke bihatira kwiyumvira) ko abarundi ataco bazi muvya muzika no kwikora mu gahogo. Ariko baribesha bo nyene kuko igenekerezo rya 27 Munyonyo 2014 ingoma z’uburundi zashizwe ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama rwa UNESCO vyerekana ko abarundi bamye bikora mu gahogo, baririmba, bavyina, batamba ata muzungu basavye ngo abafashe.

Dusubiye ku ntama zacu, “agahogo.com” ni urubuga rw’agahogo k’abarundi canke aka bose? Inyishu : ak’abarundi n’ak’abandi bose tuzoshobora gushikira kandi bakagira ico batwunguye kuko natwe ntitwoca twigana abazungu ngo ko badufashe nk’ibijuju bidashoboye natwe tubagire ukwo. Ngerageje kuvuga nka wa wundi, ntiboba imb(***)a natwe ngo duce tuba zo. Muri make “agahogo.com” ni urubuga rwa bose, ruzovugirwako vyose bijanye n’agahogo, kuva kuri Big Fizzo gushika kuri Jay-Z uciye kuri Lolilo, Sat-B, Rihanna, Diamond, … kandi mu ndimi zose zishoboka.

Mu gushigikira “agahogo.com” nokora iki?

Ica mbere wagihejeje kandi turagushimiye ivy’imvamutima: kutugendera ukaraba bishasha bihari. Ibindi ni nk’ibi :

Kaze

Nta kindi twovuga rero atari : “Kaze”. Kaze duteze imbere agahogo k’abarundi mu kuyaga tubicishije kuri uru rubuga rwacu https://www.agahogo.com.